Page Officiel de L'Amicale des Musiciens Du Burundi -AMB

Page Officiel de L'Amicale des Musiciens Du Burundi -AMB AMB est une ASBL agréé en 1986, Ngabo Léonce fut son 1er Président.Le Président actuel est Bright
(1)

👌🏽Abaririmvyi b’abarundi baraye bateramishije abantu ibihumbi kuri   muntara ya  .🎶Baririmvye indirimbo y’Urumuri rw’ama...
20/12/2023

👌🏽Abaririmvyi b’abarundi baraye bateramishije abantu ibihumbi kuri muntara ya .

🎶Baririmvye indirimbo y’Urumuri rw’amahoro imbere y’Umukuru w’igihugu c’Uburundi ,abarundi n’abanyamaha bari baje mubirori vya final y’Urumuri rw’Amahoro kuncuro ya 17.




https://youtu.be/XT-j5-bo67c?si=_LdK7uSP9Usu72sb

Indirimbo   izosohoka k’umugaragaro kw'igenekerezo rya 19 Kigarama 2023, n’indirimbo ihayagiza urumuri rw’amahoro ,éditi...
16/12/2023

Indirimbo izosohoka k’umugaragaro kw'igenekerezo rya 19 Kigarama 2023, n’indirimbo ihayagiza urumuri rw’amahoro ,édition y'uyumwaka wa 2023 , ikaba ihurikiyemwo abaririmvyi batandukanye b'abarundi ikaba yakozwe n’abahinyanyuzi batandukanye.

’amahoro yatunganijwe n'ishirahamwe ry’abaririmvyi muburundi muntumbero yo kwigina no gutsimbataza amahoro n’iterambere muri rusangi mbere ikaba irimwo ubutumwa budasanzwe kubarundi bose.

Uku niko vyari vyifashe igihe Umuririmvyi Sam Overmix yashinguranwa iteka.Bamwe mu baririmvyi bagendanye, incuti n'abage...
02/12/2023

Uku niko vyari vyifashe igihe Umuririmvyi Sam Overmix yashinguranwa iteka.

Bamwe mu baririmvyi bagendanye, incuti n'abagenzi bari bahishikiye gushigikira no guherekezanya iteka umuhisi IRAKOZE HUGUES SALIM azwi nka SAM OVERMIX.

Ishirahamwe Amicale des musiciens du Burundi n'uwaserukiye ubushikiranganji bufise imicok**a muvyo bujejwe nabo bashikirije ubutumwa bwo kuremesha no gushigikira umuryango wabuze.

Mw'ijoro ry'uwambere kigarama naho hari habaye igiteramo co kwunamira no gusesera Sam Overmix, cabereye kuri WIN CLUB,abatari bake bakaba bari bahash*tse.

Turipfurije uburuhukiro bwiza mwenewacu Sam Overmix, twongera twipfadikanya n'abo yasize mw'ibi bihe bikomeye.


About yesterday's SAM OVERMIX TRIBUTE NIGHT 🤍
02/12/2023

About yesterday's SAM OVERMIX TRIBUTE NIGHT 🤍

Ishirahamwe ry'abacuraranzi b'abarundi( ) ryifadikanije n'incuti n'umuryango b'umuhisi IRAKOZE Hugues Salim (SAM OVER MI...
29/11/2023

Ishirahamwe ry'abacuraranzi b'abarundi( ) ryifadikanije n'incuti n'umuryango b'umuhisi IRAKOZE Hugues Salim (SAM OVER MIX), ririkumwe n'abaririmvyi hamwe n'abahinga bakorera mu gisata c'imicok**a batunganije ijoro ryo gusezera umuhisi SAM OVER MIX k'uwu wa gatanu (01/12/2023). Kuva isaha imwe y'umugoroba(19h00).

📍Bizobera mu gisagara hagati kuri WIN CLUB hampande ya T2000, boulevard de l'Uprona.

🔸Hateguwe amasengesho, kwumva intahe zaranze umuhisi, gusubiramwo indirimbo ziwe n'ibindi.

🟢Abakunzi bose b'umuziki, Abaryango, Incuti, abagenzi, abakorera mu gisata c'umuziki n'abo bagendanye bose murahawe ikaze, twëse hamwe duhimbaze ubuzima bw'uwo twabuze dukunda.




Ishirahamwe ry'abanyamuziki b'abarundi turakengurukiye abitavye akamo twari twabateye mu giteramo co kuzirikana ubuzima ...
25/11/2023

Ishirahamwe ry'abanyamuziki b'abarundi turakengurukiye abitavye akamo twari twabateye mu giteramo co kuzirikana ubuzima bw'umuhisi w'umuhizi Miss Erica, mwatumye uyu musi ushoboka. Abaririmvyi mwitavye, abahinga badufashije, abamenyeshamakuru, umuryango w'umuhisi, n'abandi tutadondaguye.

Turateye intege ingendo nziza yo gushigikirana twarazwe n'abasokuru, ni isasagare mu banyamuziki eka n'abarundi bose muri rusangi.

Ireresi ry'uko ibirori vyo kuzirikana ubuzima bwa Miss Erica vyagenze ido n'ido, tuzoyibereka kuri runo rubuga.



Ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi( ) ryifadikanije n'umuryango wa IRAKOZE Erica(Miss Erica), ririkumwe n'abahinga ba...
23/11/2023

Ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi( ) ryifadikanije n'umuryango wa IRAKOZE Erica(Miss Erica), ririkumwe n'abahinga bakorera mu gisata c'imico k**a batunganije ijoro ryo gusezera umuhisi MISS ERICA k'uwu wa gatanu (24/11/2023). Kuva isaha cumi na zibiri z'umugoroba(18h).

📍Bizobera ku muhana iwabo, ahari hasanzwe habera ikigandaro, mu Kinindo(Av. Ndamukiza,Rue Ntita, No. 2)

🔸Hateguwe amasengesho, kwumva abashinga intahe kuvyararanze umuhisi, gusubiramwo indirimbo ziwe n'ibindi.

🟢Imiryango, Incuti, abagenzi, abakorera mu gisata c'umuziki n'abo bagendanye bose murahawe ikaze, twëse hamwe dusezere uwo twabuze tutanka.




ITANGAZOIshirahamwe Amicale des musiciens du Burundi (AMB) ryifadikanije n'imiryango y'abahisi IRAKOZE ERICA VANLOO(Miss...
21/11/2023

ITANGAZO

Ishirahamwe Amicale des musiciens du Burundi (AMB) ryifadikanije n'imiryango y'abahisi IRAKOZE ERICA VANLOO(Miss Erica)na IRAKOZE Hugues Salim(Sam Over Mix) mw'ibi bihe bitoroshe. Abo baririmvyi babiri barakoze birashimwa, ibendera ry'uburundi rirahungabana mu makungu.
Turiko turakorana vyo hafi n'imiryango y'abahisi kugira tubashe gusezerana iteka abacu bakwiriye.

Turaneguye ingendo idashemeye ya bamwe mu bakoresha imbuga hwaniro, bakwiragiza inkuru zo gutyoza zidaha icubahiro abahisi, zihonyanga akarangamutima k'abamenyeshamakuru hamwe n'umuco w'ikirundi ku bahisi n'imiryango yabo ikigandaye.

Ishirahamwe AMB, turatumiriye abanyamuziki bose, abakorera mu gisata c'umuziki n'imicok**a, inzego z'abikorera utwabo n'iza Leta hamwe n'uwo wese abishoboye kugarukira ku miryango yabuze. AMB iri kumwe namwe muri ico cose mwokenera kubáza canke kumenya.

Harambe ubumwe, Ibikorwa n'iterambere mu gisata c'umuziki n'imicok**a.



Umuryango w'abaririmvyi Page Officiel de L'Amicale des Musiciens Du Burundi -AMB  ufise akababaro ko kubura umwe mu bany...
20/11/2023

Umuryango w'abaririmvyi Page Officiel de L'Amicale des Musiciens Du Burundi -AMB ufise akababaro ko kubura umwe mu banyabuhinga b'ubwira n'ubushobozi, Umuririmvyi Sam Over Mix.

Turihanganishije incuti, abaryango n'abakunze indirimbo ziwe. Turifadikanije namwe mw'Ibi bihe vy'umubabaro.

Tuzoza turacisha kuri runo rubuga, amakuru ajanye n'imanza zo kumuherekezanya iteka.




Umuryango w'abacuraranzi bo mu Burundi twakiranye akababaro inkuru y'ishengera ry'umuririmvyikazi rurangiranwa IRAKOZE E...
18/11/2023

Umuryango w'abacuraranzi bo mu Burundi twakiranye akababaro inkuru y'ishengera ry'umuririmvyikazi rurangiranwa IRAKOZE ERICA batazira MISS ERICA akaba yari n'umuyobozi w'ishirahamwe rikorera mu gisata c'umuziki «WE ENTERTAINMENT».

Turifadikanije n'umuryango wiwe, incuti, abagenzi n'abakunzi b'ibikorwa vyiwe muri ibi bihe bitoroshe.

Yagize uruhara runini mw'iterambere ry'umuziki w'Uburundi na cane cane umuziki w'abigeme n'abakenyezi. Ibikorwa vyiwe vy'ubuhinga n'akanovera bizohora mu mitima yacu.





Turipfurije isabukuru ryiza umukuru w'ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi Amicale des Musiciens du Burundi Krazzi Brig...
26/10/2023

Turipfurije isabukuru ryiza umukuru w'ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi Amicale des Musiciens du Burundi Krazzi Bright

Imana imwongere imigisha, ubwenge n'ubukerebutsi, ashikane kure Abo yamuhaye gushikana kure.

Ishirahamwe rya baririmvyi mu Burundi ririfadikanije n'abarundi kwibuka imyaka 62 kuva aho incungu y'ukwikukira kw'abaru...
13/10/2023

Ishirahamwe rya baririmvyi mu Burundi ririfadikanije n'abarundi kwibuka imyaka 62 kuva aho incungu y'ukwikukira kw'abarundi umuganwa atari umugani Luduviko RWAGASORE yagandagurwa. Uno munsi numunsi udasanzwe kubarundi kuko twibuka umuhizi yagwaniye ukwikukira kwacu. Mugihe twibuka incungu y'ukwikukira turasaba abaririmvyi gukurikiza iragi twasigiwe na Rwagasore kugira bidufashe gutezimbere igisata c'umuziki n'Igihugu cacu.

Umuti wa divorce by LES JUMEAUX MUSIC
29/09/2023

Umuti wa divorce by LES JUMEAUX MUSIC

Audio Producer : Yvan ProVideo Director : Director DingWritten by Mr Polite and N.BlezArrangement : Polite & Yvan ProMM : Yvan ProColor Grading : Director Di...

Festival SICA iriko iratunganya édition yayo ugira 17 izobera mugihugu ca Cameroun kuva igenekerezo rya 2 gushika igenek...
05/09/2023

Festival SICA iriko iratunganya édition yayo ugira 17 izobera mugihugu ca Cameroun kuva igenekerezo rya 2 gushika igenekerezo rya 12 ukwezi kw'icumi na rimwe 2023.
Kubipfuza kwiyandikisha muriryo higanwa boraba ibisabwa, canke bakitura Amicale des musiciens du Burundi ikabibafashamwo.
Tubibutse ko mumwakuyeze iryo higanwa ryabe hano iwacu mu Burundi aho umuririmvyi wumurundi Fabrice" Fajos" NIYUNGEKO yatahukanye agashimwe.

Kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 1/9/2023, Ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi Amicale des musiciens du Burundi ryakoz...
01/09/2023

Kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 1/9/2023, Ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi Amicale des musiciens du Burundi ryakoze ikoraniro kaminuza ry'abarongoye abandi( Assemblée générale representative) nkuko amategeko agenga Ishirahamwe abivuga.
Bakaba barabiye hamwe ivyaranguwe n'imigambi igiye kurangurwa.
Bikaba vyaberey i Gitega Ku mugwa mukuru wa politique.

Umuririmvyikazi Meili Official yaraye ashize kumugaragaro indirimbo yise   afadikanije na Ir Emery SunNindirimbo ifise a...
02/08/2023

Umuririmvyikazi Meili Official yaraye ashize kumugaragaro indirimbo yise afadikanije na Ir Emery Sun

Nindirimbo ifise amasanamu aho mushobora kuyiraba kurubuga rwa Youtube muciye ngaha

👉https://youtu.be/8bBxDjSqX1A



Ishirahamwe ryabaririmvyi mu Burundi riripfurije isabukuru nziza Mugani Désire "BIG FIZZO" Imana imuje imbere muri vyose...
25/07/2023

Ishirahamwe ryabaririmvyi mu Burundi riripfurije isabukuru nziza Mugani Désire "BIG FIZZO" Imana imuje imbere muri vyose agire umugisha hamwe n'iterambere mubikorwa vyokumenyekanisha umuziki w'Uburundi.

Muri wamugambi wo gukunda no gukundisha Igihugu, umuririmvyi Fajos Burundi yifadikanije n'a Alfred nkundabantu bagiye gu...
14/07/2023

Muri wamugambi wo gukunda no gukundisha Igihugu, umuririmvyi Fajos Burundi yifadikanije n'a Alfred nkundabantu bagiye gushira habona indirimbo bise ''Gihugu canje'' kuruyu w'Imana igenekerezo rya 16/7/2023 igihe c'isaha imwe n'igice z'ijoro.
Mwitegure kuyumviriza.

Umuririmvyi   aheruka gushira kumugaragaro indirimbo nshasha yise " Ko Uri Imana" arikumwe na    👉https://youtu.be/Yw4WZ...
13/07/2023

Umuririmvyi aheruka gushira kumugaragaro indirimbo nshasha yise " Ko Uri Imana" arikumwe na

👉https://youtu.be/Yw4WZ5dmnGo

🎧 Listen
✅Like
🔔Subscribe
✍🏽 Comment
🪄Share

Umurwi w'abaririmvyi   bagiye guteramisha abakunzi b'umuziki kuri   hariya Mumaramvya kwigenekerezo rya 15.7.2023
12/07/2023

Umurwi w'abaririmvyi bagiye guteramisha abakunzi b'umuziki kuri hariya Mumaramvya kwigenekerezo rya 15.7.2023

   yabateguriye Festival de l'Indépendance 3ème édition mu ntumbero yokwigina imyaka 61 kuva Uburundi buronse intahe yok...
07/07/2023

yabateguriye Festival de l'Indépendance 3ème édition mu ntumbero yokwigina imyaka 61 kuva Uburundi buronse intahe yokwikukira. Iyo sabukuru ikaba izobera mu ntara za Ngozi, Gitega hamwe no mugisagara ca Bujumbura. Mwese murahawe kaze kugira mwironkere umunezero udasanzwe mukuronka umuziki umeze neza mukwigina isabukuru yukwikukira kw'Uburundi.

Bonne fête de l'indépendance à tous les Burundais
01/07/2023

Bonne fête de l'indépendance à tous les Burundais

Muntumbero yo guhimbaza isabukuru ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki.Umuririmvyi   aza kuba yahishikiye
21/06/2023

Muntumbero yo guhimbaza isabukuru ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki.

Umuririmvyi aza kuba yahishikiye


Muntumbero yo guhimbaza isabukuru ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki.Umuririmvyi    aza kuba yahishikiye
21/06/2023

Muntumbero yo guhimbaza isabukuru ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki.

Umuririmvyi aza kuba yahishikiye


Muntumbero yo guhimbaza isabukuru ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki.Umuririmvyi Masterl   aza kuba yahishikiye
21/06/2023

Muntumbero yo guhimbaza isabukuru ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki.

Umuririmvyi Masterl aza kuba yahishikiye


Muntumbero yo guhimbaza isabukuru ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki.Umuririmvyi Pamy Queen aza kuba yahishikiye
21/06/2023

Muntumbero yo guhimbaza isabukuru ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki.

Umuririmvyi Pamy Queen aza kuba yahishikiye


Muntumbero yo guhimbaza isabukuru ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki.Umuririmvyi Masterland  aza kuba yahishikiye   ...
21/06/2023

Muntumbero yo guhimbaza isabukuru ry'umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki.

Umuririmvyi Masterland aza kuba yahishikiye


🎉Duhimbaze mu kanyamuneza umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki | 21.06.2023🔸Kuri uno musi uri hejuru, Ishirahamwe ry'abar...
21/06/2023

🎉Duhimbaze mu kanyamuneza umusi mpuzamakungu wahariwe umuziki | 21.06.2023

🔸Kuri uno musi uri hejuru, Ishirahamwe ry'abariririmvyi b'abarundi (AMB) ryabateguriye akaryo keza ko kwigina uwu musi mu munezero ntangere. Haza kubá hari umuziki mwiza w'ikibiriraho,abaririmvyi batandukanye, abavangamiziki(Djs),abakorera mu gisata c'umuziki, kwidagadura hamwe n'utundi tubirya.

📍Ikibǎnza ni Kumutwenzi Bar kuri gare du Nord, kuva isaha cumi na zibiri(18:00)

😍Ukwinjira ni kuri 0FBU(Ku buntu).

Turatumiye abacuraranzi bose n'abakorera mu gisata c'umuziki, kuza kwifadikanya natwe mu kwigina uwu musi waduhariwe.

♦️Iki giteramo cashigikiwe n’ishirahamwe Shalom SPRL n’ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi.





😍Ahari ubumwe urusato rw’imbaragasa rwipfuka batanu. Nkurikiye"MUSUMARI" Gérard ariko arakurikiranwa n’abaganga b’abahin...
15/06/2023

😍Ahari ubumwe urusato rw’imbaragasa rwipfuka batanu. Nkurikiye"MUSUMARI" Gérard ariko arakurikiranwa n’abaganga b’abahinga.

✍🏾️Nk’uko biri mu ntumbero y’ishirahamwe Amicale des musiciens du Burundi, gufashanya, kwitanaho no gushigikirana mu baririmvyi na cane cane abari mw’ishirahamwe eka n’aabandi.
K’uwu wa 14 ruheshi. Bright Olivier NDAYISHIMIYE arongoye ishirahamwe AMB, Fabrice UWIMANA,umunyamabanga mukuru na Armel Chabel NGENDAKUMANA (Masterland) aserukira AMB mugisagara ca Bujumbura, bashikanye Umuririmvyi Musumari ku muganga w'umuhinga muvya rhumatologie bijanye n'indwara amaranye imisi, imurembeje.

Uwo muganga agiye kuguma amukurikirana ku musi ku musi Kǎndi bikaboneka ko hariho icizere co kubona Musumali yakize ameze neza.

👏🏾Amicale des musiciens du Burundi turashimira abitanze batiziganya mu guterera uburyo bwabo kugira Musumali aronke ubuvuzi bwiza, haba abari mw'ishirahamwe n'abandi bitavye ako kamo. 🔺Uburyo bwari bwasabwa bwarabonetse incuro zirenga zibiri. Ariko kubera ingwara Musumari arwaye bisaba ko yitabwaho igihe kinini n'abaganga, kǎndi akaronka n'ibindi vyankenerwa, uburyo buracakenewe. Hagize uwokwipfuza kubandanya ashigikira arashobora kutwegera

🟢Tubandanye kurangwa n'ubuntu,urukundo n'ubumwe. Iyo twese dushize imitima hamwe vyose birashoboka.

Umuziki w'uburundi ku murindi wo kujabuka imbibe.🥁Ishirahamwe ry’abaririmvivyi mu Burundi rirashimishwa n’ibikorwa hamwe...
08/06/2023

Umuziki w'uburundi ku murindi wo kujabuka imbibe.

🥁Ishirahamwe ry’abaririmvivyi mu Burundi rirashimishwa n’ibikorwa hamwe n’ukwitanga kw'abaririmvyi b’abarundi.
Ibikorwa vy’ubuhinga biryohoye biguma bisohoka. Abaririmvyi b’abarundi bamaze iminsi kora ibiteramo hirya n’ino mu makungu.

🇧🇪🇫🇷Inyuma y’umuririmvyi yakoreye ibiteramo mu mugabane wa buraya,
🇦🇺Umuririmvyi B.face yari yatumiwe guteramisha ababa muri Australiya, mugiteramo "BUCOWA YOUTH GALA" k'uwu wa2 ruheshi,cabereye ahitwa MILLS PARK CENTER mugisagara ca PERTH muri leta y'uburengero bwa Autraliya.
Ico giteramo kikaba caritabiriwe kurugero rushimishije.

🇨🇬Umugwi «Les Jumeaux Music Club» usanzwe uvuza umuziki w’ikibiriraho nawo ukaba muri kano kanya uri mu gisagara ca Pointe Noir, mu gihugu ca Congo Brazzaville, mw’isabukuru ryitwa «N’sangu Ndji Ndji» Aho uzoteramisha abantu ku magenekerezo ya 9 na 11 ruheshi 2023.

🟢Ishirahamwe Amicale des musiciens du Burundi, rirateye intege abaririmvyi bari ku kivi bose. Tuboneyeho guhamagarira abakunzi b’umuziki, inzego n’ibigo vy’ubudandaji gushigikira abaririmvyi b’ababarundi kubera ko bafise uruhara ntagere mw’iterambere ry’igihugu.

Umuririmvyi w'umurundi Drama T kuri uyu musi wa 27 Rusama 2023; araza guteramisha ku ncuro ya mbere abarundi n'abanyamah...
27/05/2023

Umuririmvyi w'umurundi Drama T kuri uyu musi wa 27 Rusama 2023; araza guteramisha ku ncuro ya mbere abarundi n'abanyamahanga baba mu bubiligi mu giteramo aza guhuriramwo n'umucuraranzi w'inararibonye BAHAGA n'abandi baririmvyi b'abarundi baba ku mugabane wa Buraya. Ico giteramo kiza kubera Rue Stroobants 51, 1140 EVERE.

📢Ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi AMB rikaba rihamagariye Abarundi, n'abakunzi b'umuziki w'uburundi baba mu bubiligi no mu micungararo yaho kwitabira ari benshi, bashigikire abaririmvyi babo, kuko ari ukwitera iteka no kuritera Uburundi.

✅Kuri runo rubuga muzoza murakurikirana amakuru y'imvaho, yizewe y'abaririmvyi bahurikiye mw'ishirahamwe Amicale des musiciens du Burundi (AMB).





Ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi riripfurije abaririmvyi bose ndetse n'abarundi bose muri rusangi umunsi mukuru mpu...
01/05/2023

Ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi riripfurije abaririmvyi bose ndetse n'abarundi bose muri rusangi umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n'akazi. Uyu munsi uze kubabera umunsi wokwirimbura mu ntumbero yokugwiza umwimbu nogukora ibikorwa bihimbaye mukumenyekanisha igihugu cacu mumakungu tubicishije mundirimbo.

Umuvyeyi w'umuririmvyi Canco Hamiss ariwe  NDAGIJIMANA Assina yaraye yitavye Imana aho yaramaze ikiringo kitari gito aki...
28/04/2023

Umuvyeyi w'umuririmvyi Canco Hamiss ariwe NDAGIJIMANA Assina yaraye yitavye Imana aho yaramaze ikiringo kitari gito akitswe n'amagara mu ntara ya Ngozi aho yarasanzwe afise urugo rwiwe.Uwo muvyeyi akaba yari umunyarukundo, ikigongwe hamwe n'ubugwaneza. Ishirahamwe ryabaririmvyi mu Burundi rikaba rifashe kano kanya kugira rihoze umuryango wabuze rikaba ribasabira ko bogira ukwihangana muri bino bihe bitoroshe.

Umuririmvyi Lolilo Simba arikumwe n'abana biwe y'ipfurije umusi mukuru w'irayidi aba Musulmans bose
21/04/2023

Umuririmvyi Lolilo Simba arikumwe n'abana biwe y'ipfurije umusi mukuru w'irayidi aba Musulmans bose


Chers collègues, membres et partenaires musulmans,L'amicale des musiciens du Burundi vous souhaite, ainsi qu'à vos  proc...
21/04/2023

Chers collègues, membres et partenaires musulmans,

L'amicale des musiciens du Burundi vous souhaite, ainsi qu'à vos proches, une joyeuse fête de l'Aïd.

Que vos vœux les plus chers soient exhaussés et que la santé, le bonheur et la prospérité vous soient accordés.

Bonne fin de Ramadan

https://youtu.be/m5EgYcCtg6UTurakeje umu Legend Big Fizzo kuriki gikogwa gishasha. Mubandanye mugira Like,Share, na comm...
20/04/2023

https://youtu.be/m5EgYcCtg6U
Turakeje umu Legend Big Fizzo
kuriki gikogwa gishasha.
Mubandanye mugira Like,Share, na comments
Big Fizzo
Bantu Bwoy Entertainment

Big Fizzo - Ngangari (Official Video)Produced by Kolly The MagicDirected by Landry SB Under Grand PictureWriter : Big Fizzo, Munago, JQ TF7Script: Big Fizzo ...

09/04/2023

Address

Palais Des Arts Et De La Culture
Bujumbura

Opening Hours

Monday 09:00 - 13:00
14:00 - 17:00
Tuesday 09:00 - 13:00
14:00 - 17:00
Wednesday 09:00 - 13:00
14:00 - 17:00
Thursday 09:00 - 13:00
14:00 - 17:00
Friday 09:00 - 13:00
14:00 - 17:00

Telephone

+25779903193

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Page Officiel de L'Amicale des Musiciens Du Burundi -AMB posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Page Officiel de L'Amicale des Musiciens Du Burundi -AMB:

Share


Other Performance & Event Venues in Bujumbura

Show All

You may also like