31/05/2023
🇪🇺Ubumwe bw’ibihugu vya buraya bufadikanije na Bibliothèques Sans Frontières, Social Action for Development na Street Child, burashaka gushiraho ico bise Youth Sounding Board kugira rwumve 🎤ijwi ry’urwaruka rw’Uburundi.
😀Youth Sounding Board n'ihuriro ry’urwaruka aho ruzana ivyiyumviro bishasha kuvyerekeye intambamyi zikuru zikuru urwaruka ruhura nazo kuvyerekeye ukwiteza imbere kwabo
🇧🇮Uri umurundi canke umurundikazi?
👉Ufise imyaka iri hagati ya 18 na 35?
🤓Woba ukerebutse kandi ufise ubwira?
😃Urashaka kuzana intererano yawe mu bikorwa vy’ubumwe bw’ibihugu vya buraya?
🤩Nturindire niwewe dukeneye !!!
✍️Ukeneye kwiyandikisha ja kuri 👉 https://shorturl.at/gim58
👉Canke uje kuri kaminuza y’uburundi mu kigo cayo kiri mw’i Rohero, kaminuza y’i Gitega hamwe na kaminuza y’i Ngozi. Urashobora no kuja mu bigo vy’urwaruka bisanzwe bifise Ideasbox z’ishirahamwe Bibliothèques Sans Frontières canke mukabisanga hafi y’abaserukizi
b’ishirahamwe Social Action for Development mu ntara zose zigize igihugu.
🚩 Kwiyandikisha ni gushika itariki 12 Ruheshi 2023 !
🧐Ukeneye ayandi makuru andike ubutumwa kurubuga WhatsApp ku nomero + 257 61 85 75 88
́unique